Ash-Shams

الشمس

The Sun15 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلشَّمۡسِ وَضُحَىٰهَا﴿١

1Jewe Allah, Ndarahiye ku zuba no ku muco waryo mu gitondo!

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا تَلَىٰهَا﴿٢

2No ku kwezi iyo gukurikiye izuba rirenze n’iyo riserutse!

وَٱلنَّهَارِ إِذَا جَلَّىٰهَا﴿٣

3No ku murango iyo hakeye, umwijima w’ijoro ugaherengetera!

وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰهَا﴿٤

4No kw’ijoro iyo ripfutse isi hakijima!

وَٱلسَّمَآءِ وَمَا بَنَىٰهَا﴿٥

5No kw’ijuru n’ukuntu ryubatse!

وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا طَحَىٰهَا﴿٦

6No kw’isi n’ukuntu ishashe, kugira ibiremwa bishobore kuyibako!

وَنَفۡسٖ وَمَا سَوَّىٰهَا﴿٧

7No ku mushaha w’ikiremwa ico ari co cose n’ukuntu watunganijwe n’Imana Allah!

فَأَلۡهَمَهَا فُجُورَهَا وَتَقۡوَىٰهَا﴿٨

8Igaheza Ikawumenyesha mu kuwutomorera inzira y’inabi n’iy’ineza!

قَدۡ أَفۡلَحَ مَن زَكَّىٰهَا﴿٩

9Ni ukuri yaratsinze, uwejeje umushaha agakora ivyiza.

وَقَدۡ خَابَ مَن دَسَّىٰهَا﴿١٠

10Kandi ni ukuri yarahomvye ubuzima bwiwe, uwasibije umushaha agakora ivyaha.

كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِطَغۡوَىٰهَآ﴿١١

11Bene Thamuudi barahakanye Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), kubera ukwimonogoza kwabo mu gukora ivyaha;

إِذِ ٱنۢبَعَثَ أَشۡقَىٰهَا﴿١٢

12Igihe hiyadukiza inkozi y’ikibi muri bo[1] kugira ice imitsi ingamiya;

فَقَالَ لَهُمۡ رَسُولُ ٱللَّهِ نَاقَةَ ٱللَّهِ وَسُقۡيَٰهَا﴿١٣

13Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Mwoye gukomakoma ingamiya yarungitswe n’Imana Allah, mwiyubare kuyivogera ku musi wayo yagenewe gushoka kunywa”.

فَكَذَّبُوهُ فَعَقَرُوهَا فَدَمۡدَمَ عَلَيۡهِمۡ رَبُّهُم بِذَنۢبِهِمۡ فَسَوَّىٰهَا﴿١٤

14Maze barayigarariza batako baraca imitsi ya nya ngamiya. Imana yabo Rurema Allah Ica Irabahana, Irabahonya bose ata n’umwe arokotse, kubera ibicumuro vyabo.

وَلَا يَخَافُ عُقۡبَٰهَا﴿١٥

15Kandi Imana Allah, ntitinya inkurikizi z’ibihano Yabahaye.

RELATED SURAHS