الأعلى
The Most High • 19 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere (uvuge uti: “Sub-haana Rabbiya l-A’laa”).
2Yararemye ibiremwa, maze Iraringaniza indemo yavyo n’ibihimba; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;
3Iraheza Irategekanya ivya nkenerwa vyose ku biremwa, Iranigisha kimwe cose ukuntu kivyikorako;
4Iranagisha n’uburagiro (ubwatsi);
5Hanyuma Irabukavya, busa n’urwatsi rutoto ruja kwirabura.
6Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tuzokwigisha Qor’ani, ntuzoyibagira namba;
7Kiretse ico Imana Allah Ishatse ko wibagira ku neza y’ibiremwa. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibigaragara mu bikorwa no mu majambo n’ibinyegeje muri vyo.
8Tuzokworohereza gukora ivyoroshe; nko kwihanganira ishikirizabutumwa no kworoherezwa amabwirizwa y’idini.
9Kubera ivyo rero, ibutsa abantu bawe warungitsweko gutumbera inzira igororotse, na canecane kwibutsa uwitezwe ko yibuka, nya kwibuka kukamugirira akamaro;
10Hazokwibuka uwutinya ibihano vy'Imana Allah.
11Uwaseserejwe n’ivyaha na we, azoheza yigire kure y’urwo rwibutso;
12Ari na we azokwinjira mu muriro udahera ukaze bihambaye;
13Hanyuma ntazopfa muri wo ngo awuruhuke, eka ntazonawugiriramwo ubuzima buhimbaye.
14Mu vy’ukuri yaramaze gutsinda, umuntu yiyejeje amabi;
15Akaninahaza n’izina ry’Imana yiwe Rurema Allah, maze agasenga amasengesho-bwirizwa ku mwanya, arondera gushimwa na Yo.
16Bantu! Ahubwo rero, mushira imbere kurusha ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi;
17Kandi ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo bwiza gusumba, kandi bwamaho.
18Mu vy’ukuri, ivyo vyose mwadondaguriwe muri iki gisomwa, biri no mu Bitabu vy’aho hambere ya Qor’ani;
19Mu Mizingo y’Intumwa z’Imana Ibrahimu na Musa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah).