At-Tariq

الطارق

The Night Comer17 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلسَّمَآءِ وَٱلطَّارِقِ﴿١

1Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلطَّارِقُ﴿٢

2Ni igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?

ٱلنَّجۡمُ ٱلثَّاقِبُ﴿٣

3Ni inyenyeri yakaka.

إِن كُلُّ نَفۡسٖ لَّمَّا عَلَيۡهَا حَافِظٞ﴿٤

4Ndarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!

فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ مِمَّ خُلِقَ﴿٥

5Umuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!

خُلِقَ مِن مَّآءٖ دَافِقٖ﴿٦

6Yaremwe mu mazi y’intanga asunitswe mu gitereko;

يَخۡرُجُ مِنۢ بَيۡنِ ٱلصُّلۡبِ وَٱلتَّرَآئِبِ﴿٧

7Avuye hagati y’uruti rw’umugongo w’umugabo n’igikiriza c’umugore.

إِنَّهُۥ عَلَىٰ رَجۡعِهِۦ لَقَادِرٞ﴿٨

8Mu vy’ukuri Imana Allah Yaremye umuntu mu mazi y’intanga, Irashoboye no kumugarura inyuma yo gupfa Ikamusubiza ubuzima, akazuka.

يَوۡمَ تُبۡلَى ٱلسَّرَآئِرُ﴿٩

9Umusi amabanga azoshirwa ahabona, ivyiza bikamenyekana n’ibibi bikagaragara;

فَمَا لَهُۥ مِن قُوَّةٖ وَلَا نَاصِرٖ﴿١٠

10Umuntu nta bubasha azoba afise bwo kwikingira ibihano, eka nta n’umutabazi amukura mu bihano azoronka.

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلرَّجۡعِ﴿١١

11Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryenimvura yisubiriza iyo amazi kw’isi ayaze agasubira mu kirere!

وَٱلۡأَرۡضِ ذَاتِ ٱلصَّدۡعِ﴿١٢

12No kw’isi yiyata imigaga iyo ibiterwa bigondoye!

إِنَّهُۥ لَقَوۡلٞ فَصۡلٞ﴿١٣

13Ko mu vy’ukuri, iyo Qor’ani ari amajambo atandukanya ukuri n’ikinyoma;

وَمَا هُوَ بِٱلۡهَزۡلِ﴿١٤

14Si n’iyo kujajura.

إِنَّهُمۡ يَكِيدُونَ كَيۡدٗا﴿١٥

15Mu vy’ukuri, abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe na Qor’ani, bakoresha urwenge mu kurwanya ukuri.

وَأَكِيدُ كَيۡدٗا﴿١٦

16Nanje Allah Nkabahinyura mu kugaragaza ukuri gushika aho gutsinda.

فَمَهِّلِ ٱلۡكَٰفِرِينَ أَمۡهِلۡهُمۡ رُوَيۡدَۢا﴿١٧

17Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, tenyenyera abagarariji, ntiwihutire kubasabira ibihano, bihorere ubarindire gato, bazokwibonerako bidatevye.

RELATED SURAHS