البروج
The Great Stars • 22 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!
2No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!
3No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[1]!
4Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;
5Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;
6Igihe bari bicaye hambavu yavyo;
7Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano.
8Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose.
9Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose.
10Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa.
11Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye.
12Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye.
13Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke.
14Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo.
15Nyenubuhangamo, Nyeniteka.
16Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira.
17Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!
18Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!
19Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere.
20Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro.
21Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;
22Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”.