Al-Inshiqaq

الانشقاق

The Splitting Open25 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنشَقَّتۡ﴿١

1Igihe ijuru ryasadutse rigatabuka ku musi w’umuhero w’isi;

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ﴿٢

2Rikumvira Imana yaryo Rurema Allah, kandi ritegerezwa nta kibuza;

وَإِذَا ٱلۡأَرۡضُ مُدَّتۡ﴿٣

3Igihe n’isi yasanjwe;

وَأَلۡقَتۡ مَا فِيهَا وَتَخَلَّتۡ﴿٤

4Igasohora abantu n’ubutare biri muri yo, igasigara igaragara;

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ﴿٥

5Ikumvira Imana yayo Rurema Allah, kandi itegerezwa nta kibuza.

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡإِنسَٰنُ إِنَّكَ كَادِحٌ إِلَىٰ رَبِّكَ كَدۡحٗا فَمُلَٰقِيهِ﴿٦

6Ewe muntu! Mu vy’ukuri wewe, ugana ku Mana Allah, ukita ku rutare mu bikorwa, vyaba vyiza canke bibi, kugeza aho uzohura n’Imana yawe Rurema Allah Ikabiguhembera.

فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ﴿٧

7Uwo wese rero azohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo;

فَسَوۡفَ يُحَاسَبُ حِسَابٗا يَسِيرٗا﴿٨

8Uyo, ni we azoharurirwa ibiharuro vyoroshe;

وَيَنقَلِبُ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورٗا﴿٩

9Maze agasubira mu bantu biwe mu Bwami bw’ijuru akanyamuneza kamusya.

وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ وَرَآءَ ظَهۡرِهِۦ﴿١٠

10Nayo uwuzohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe inyuma y’umugongo wiwe;

فَسَوۡفَ يَدۡعُواْ ثُبُورٗا﴿١١

11Uyo rero, azoheza yisabire urupfu;

وَيَصۡلَىٰ سَعِيرًا﴿١٢

12Yinjire no mu muriro wama wegenyejwe;

إِنَّهُۥ كَانَ فِيٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورًا﴿١٣

13Kuko mu vy’ukuri, yahorana akanyamuneza mu muryango wiwe akiri kw’isi, nta co yategekanirije uyu musi.

إِنَّهُۥ ظَنَّ أَن لَّن يَحُورَ﴿١٤

14Mu vy’ukuri, yibaza ko atazosubira ku Mana yiwe Allah ngo Imuharurire.

بَلَىٰٓۚ إِنَّ رَبَّهُۥ كَانَ بِهِۦ بَصِيرٗا﴿١٥

15Yobuzwa n’iki gusubira ku Mana Allah! Mu vy’ukuri Imana yiwe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Yaramubona we n’ivyo yakora.

فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلشَّفَقِ﴿١٦

16Jewe Allah, Ndarahiye ku bicu bitukura bugorovye!

وَٱلَّيۡلِ وَمَا وَسَقَ﴿١٧

17No kw’ijoro n’ivyo rinyegeje!

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا ٱتَّسَقَ﴿١٨

18No ku kwezi iyo gukwijije umuco mu mfato!

لَتَرۡكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٖ﴿١٩

19Bantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana[726].

فَمَا لَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ﴿٢٠

20Mbega, abantu babuzwa n’iki kwemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, kandi basomerwa Aayah za Qor’ani zitomoye!

وَإِذَا قُرِئَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقُرۡءَانُ لَا يَسۡجُدُونَۤ۩﴿٢١

21N’iyo basomewe Qor’ani, ntibubamira Imana Allah ngo bemere amabwirizwa yayo.

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُكَذِّبُونَ﴿٢٢

22Ahubwo abagararije bahakana Qor’ani bivuye inyuma, izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa.

وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُوعُونَ﴿٢٣

23Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bahishije mu mishaha yabo.

فَبَشِّرۡهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ﴿٢٤

24Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero inkuru y'incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza.

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونِۭ﴿٢٥

25Ariko abantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barafise impembo idahera bagenewe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

RELATED SURAHS