الرحمن
The Most Merciful • 78 ayahs • Medinan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Nyenimpuhwe;
2Yarigishije umuntu Qor’ani, mu kumworohereza ukuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa.
3Yaremye umuntu;
4Yamwigishije gutomora ikiri ku mutima; iryo rikaba ari na ryo teka yatewe gusumba ibindi biremwa.
5Izuba n’ukwezi bigenda bibisikanya mu giharuro ata kwihenda eka ata n’uguhindagurika kw’igiharuro.
6N’inyenyeri kw’ijuru canke ibiterwa bitagira intimbatimba, hamwe rero n’ibiti bifise umutumba, vyose vyubamira Imana Allah Yabiremye, bikanagamburuka mu kwubahiriza ico vyaremewe ku neza ya kiremwa-muntu.
7N’ijuru Yararihanitse hejuru y’isi, maze Ishira kw’isi ubutungane Yategetse ko bwubahirizwa hagati y’ibiremwa;
8Kugira ntihagire uwo murenganya ku munzani;
9Muheze mupime mu butungane, kandi ntimukagabanye ku munzani mu gihe mupimiye abandi.
10N’isi Yarayishashe neza, kugira ibiremwa bishobore kuyibako;
11Kuri nya si rero, hari ivyamwa hamwe n’ibiti vy’itende bishurikira mu gitutwe maze bikama itende;
12Hari n’intete zifise agashishwa zibabeshaho, hakaba n’izindi zifise akamotero.
13Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana[1]!
14Bantu! Yaremye so wanyu Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ibumba ryokeje;
15Irema na Ibilisi, ari na yo nkomoko y’Amajini, mu rubeya rurabagiza rw’umuriro.
16Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
17Ni Yo Mana Rurema, Yaremye ubuseruko bubiri; mu gihe c’ici no mu gihe c’urushana; Ikaba n’Imana Rurema Yaremye n’uburengero bubiri muri ivyo bihe nyene.
18Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
19Yahurije hamwe amabahari abiri, atandukanye mu kanovera k’amazi yayo;
20Hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo rero, hagati yayo hariho agakingo gatuma amazi y’icunyunyu y’iri bahari atavangana n’amazi y’akanovera y’irindi bahari.
21Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
22Muri nya mabahari yompi, hacukurwamwo ubutare bwa lulu[2] n'ubwa marjaani[3].
23Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
24Ni na Yo Nyenububasha, Ituma ubwato bugendera mw’ibahari mu ruja n’uruza, buriko ibitambara bimanitse bingana umusozi, busunikwa n’umuyaga.
25Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
26Zina kiremwa cose kiri kw’isi, kizopfa gihone;
27Maze hasigare gusa Imana yawe Rurema Allah, Yo Yonyene ubwayo, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza[4].
28Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
29Abari mu majuru n’isi, ni Yo basaba ko Ibaronsa ivyo bakeneye vyose. Imisi yose rero, Iba Iriko Irabishura, maze Igatera iteka uyu Igateza urubwa n’uriya; Igaha uyu, Ikima n’uriya.
30Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
31Emwe bantu hamwe n’Amajini! Burya, Tuzoteba Tubaharurira ivyo mwakoze kw’isi, Twongere Tubibahembere, Duheze Duhane abanyavyaha, Duhe n’indishi abagwaneza.
32Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
33Emwe bantu hamwe n’Amajini! Nimwaba mushobora gucaruka mu bihano mugahungira mu mihingo itandukanye y’amajuru n’isi, nimuhunge mwomoke. Eka ntimushobora gucaruka na gato, kiretse ku bushobozi n’ububasha vy’Imana Allah.
34Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
35Mu gihe mwokwihenda ngo murahunze nya bihano, muzorungikirwa urubeya rw’umuriro, Tubarungikire n’ubutare bw’umujumpu buyongejwe, busukwe ku mitwe yanyu, ntimuzonatabarana hagati yanyu.
36Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
37Igihe ijuru ryasadaguritse ku musi w’umuhero w’isi, rikarungurira rigasa nk’ishurwe ritukura, rikaba nka kurya kw’amavuta n’icuma vyasebuye bikaryimara.
38Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
39Kuri uyo musi, abamalayika nta n’umwe bazobaza ku vyaha vyiwe, yaba mu bantu kibure mu Majini.
40Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
41Abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, abamalayika bazobamenyera ku bimenyetso vyabo bibaranga, maze babacakire mu ruhanga n’ibirenge, babajugunyire mu muriro.
42Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
43Bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Ng’iyi rero Jahannamu, abanyavyaha bahora bahakana kw’isi ko itabaho”;
44Ibihano bazohabwa bizokurakuranwa. Hamwe bazohanishwa umuriro, ahandi bahanishwe amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara.
45Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
46Uwutinya guhagarikwa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo, azohabwa imirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru.
47Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
48Nya mirima yompi, irimwo amashami y’ibiti abogaboga ivyamwa.
49Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
50Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi atemba hagati yayo.
51Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
52Muri nya mirima yompi, harimwo ubwoko bubiribubiri bw’ivyamwa; bitoto n’ivyumye.
53Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
54Bazoba bicaye ku bisaswa bitekeyemwo iharire iremereye, no kwamura ivyamwa vyo muri nya mirima yompi bizoba vyoroshe.
55Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
56Kuri nya bisaswa, hazoba hicaye n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), ata muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo.
57Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
58Nya bakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, ku bwiza bwabo womengo ni Yaakuuti[5] na Marjaani[6].
59Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
60Mbega ineza ntiyiturwa iyindi! Indishi y’ubugwaneza rero ni uguhabwa Ubwami bw’ijuru!
61Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
62Hamwe n’iyo mirima ibiri, baragenewe kandi n’iyindi mirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru.
63Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
64Nya mirima yompi, isa n’icatsi kibisi gihakwa kwirabura.
65Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
66Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi aguma adudubiza, atigera akama.
67Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
68Muri nya mirima yompi, harimwo amoko y’ivyamwa, itende n’imikomamanga.
69Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
70Muri iyo mirima yose uko ari ine rero, harimwo abakenyezi barangwa n’ingeso nziza, bakayangana mu maso, eka ntiworaba ubwiza buri aho!
71Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
72Ni abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), bari n’ahantu hiherereye mu mahema.
73Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
74Nta muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo.
75Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
76Bazoba bicaye ku misego ipfutswe n’ibitambara vy’icatsi kibisi, n’ibisaswa bihinguwe neza, ntiworaba!
77Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
78Harakubahwa rero izina ry’Imana yawe Rurema, Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza.