An-Nazi'at

النازعات

Those Who Drag Forth46 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلنَّٰزِعَٰتِ غَرۡقٗا﴿١

1Jewe Allah, Ndarahiye ku bamalayika bashikurana inguvu inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abagarariji!

وَٱلنَّٰشِطَٰتِ نَشۡطٗا﴿٢

2No ku bamalayika bakuramwo bukebuke mu bwitonzi inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abemeramana!

وَٱلسَّٰبِحَٰتِ سَبۡحٗا﴿٣

3No ku bamalayika baguruka mu kirere banyaruka, bagana mw’ijuru canke bavayo!

فَٱلسَّٰبِقَٰتِ سَبۡقٗا﴿٤

4No ku bamalayika banyaragasa mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah!

فَٱلۡمُدَبِّرَٰتِ أَمۡرٗا﴿٥

5No ku bamalayika batunganya mu bukerebutsi nta ngere, ivyo bategetswe gushira mu ngiro kw’isi!

يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلرَّاجِفَةُ﴿٦

6Nta nkeka rero ko muzozurwa mugaharurirwa, umusi isi n’imisozi bizonyiganyiga cane havugijwe inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa;

تَتۡبَعُهَا ٱلرَّادِفَةُ﴿٧

7Hace hakurikira ivuzwa rya kabiri ry’inzamba y’izuka.

قُلُوبٞ يَوۡمَئِذٖ وَاجِفَةٌ﴿٨

8Kuri uwo musi rero, imitima y’abagarariji izohinda agashitsi, yugarijwe n’ubwoba n’akantu.

أَبۡصَٰرُهَا خَٰشِعَةٞ﴿٩

9Bazoba bijiriwe mu maso, bajumarariwe;

يَقُولُونَ أَءِنَّا لَمَرۡدُودُونَ فِي ٱلۡحَافِرَةِ﴿١٠

10Abahakana bivuye inyuma izuka ry'ibiremwa, bavuga batebura n'akantu bati: “Mbega, ni ivy’ukuri, tuzosubizwa ubuzima inyuma yo gupfa nk’uko twahora kw’isi!

أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا نَّخِرَةٗ﴿١١

11Ubu nitwaba amagufa yabunzwe, tuzozuka koko!”.

قَالُواْ تِلۡكَ إِذٗا كَرَّةٌ خَاسِرَةٞ﴿١٢

12Bazoheza bavuge bihebura bati: “Emwe! Iryo garuka ryacu rero, ni ryaba ari iry'ukuri, rizoba ari iry’agahombo”.

فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ﴿١٣

13Mu vy’ukuri, rizoba ivuzwa rimwe gusa ry’inzamba ya kabiri;

فَإِذَا هُم بِٱلسَّاهِرَةِ﴿١٤

14Maze bace bisanga ari bazima ku mugongo w’isi.

هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ﴿١٥

15Ntumwa y’Imana! Mbega, warashikiriwe n’inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!

إِذۡ نَادَىٰهُ رَبُّهُۥ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوًى﴿١٦

16Igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamuhamagara ari mu kabande gatagatifu “Twuwa”, hambavu y’umusozi Sinayi.

ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ﴿١٧

17Maze Imubwira Iti: “Genda kwa Firawuni, mu vy’ukuri yarimonogoje mu buhakanyi;

فَقُلۡ هَل لَّكَ إِلَىٰٓ أَن تَزَكَّىٰ﴿١٨

18Uheze umubwire uti: “Ubwo ntiwokwiyeza, ukemera Imana Imwe Rudende Allah!

وَأَهۡدِيَكَ إِلَىٰ رَبِّكَ فَتَخۡشَىٰ﴿١٩

19Maze nkakurongora mu nzira y’Imana yawe Rurema Allah, ugaheza ukayigamburukira””.

فَأَرَىٰهُ ٱلۡأٓيَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰ﴿٢٠

20Ni ho rero Musa yereka Firawuni igitangaro gihambaye co guhindura inkoni inzoka.

فَكَذَّبَ وَعَصَىٰ﴿٢١

21Firawuni ashoka ahakana yivuye inyuma Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranagabitanya ku Mana Allah.

ثُمَّ أَدۡبَرَ يَسۡعَىٰ﴿٢٢

22Hanyuma agenza umugongo yirengagiza ukwemera, abandanya ubwononyi bwo guhakana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).

فَحَشَرَ فَنَادَىٰ﴿٢٣

23Ni ho Firawuni yakoranya abantu, arasemerera;

فَقَالَ أَنَا۠ رَبُّكُمُ ٱلۡأَعۡلَىٰ﴿٢٤

24Avuga ati: “Ni jewe imana yanyu iri hejuru ya vyose”.

فَأَخَذَهُ ٱللَّهُ نَكَالَ ٱلۡأٓخِرَةِ وَٱلۡأُولَىٰٓ﴿٢٥

25Maze Imana Allah Ica Iramwihora, Imuha ibihano vy’akarorero mu buzima bwo kw'isi, Ikazomuha n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَعِبۡرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰٓ﴿٢٦

26Mu vy’ukuri inyifato ya Firawuni n’ivyamushikiye, harimwo inkebuzo ku bantu batinya ibihano vy'Imana Allah.

ءَأَنتُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَمِ ٱلسَّمَآءُۚ بَنَىٰهَا﴿٢٧

27Mbega bantu! Izurwa ryanyu, ni ryo ryoba rigoye cane kurusha; canke ukurema ijuru, Imana Allah Yubatse hejuru yanyu, ni co kigoye!

رَفَعَ سَمۡكَهَا فَسَوَّىٰهَا﴿٢٨

28Yahanitse ikirere caryo, Iraheza Irariringaniza.

وَأَغۡطَشَ لَيۡلَهَا وَأَخۡرَجَ ضُحَىٰهَا﴿٢٩

29Igira ijoro ryaryo umwijima iyo izuba rirenze, Ikabonesha umurango waryo iyo riserutse.

وَٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ ذَٰلِكَ دَحَىٰهَآ﴿٣٠

30Inyuma y’ivyo, Yagura isi Irayisasa, Iyishiramwo ibintu vyose nkenerwa.

أَخۡرَجَ مِنۡهَا مَآءَهَا وَمَرۡعَىٰهَا﴿٣١

31Iraserura amariba y’amazi yayo, Imeza n’uburagiro bw’ibitungwa.

وَٱلۡجِبَالَ أَرۡسَىٰهَا﴿٣٢

32Imisozi na yo Irayishinga;

مَتَٰعٗا لَّكُمۡ وَلِأَنۡعَٰمِكُمۡ﴿٣٣

33Ivyo vyose Yabibaremeye, kugira muryoherwe mwebwe n’ibitungwa vyanyu[1], muvyikoreko.

فَإِذَا جَآءَتِ ٱلطَّآمَّةُ ٱلۡكُبۡرَىٰ﴿٣٤

34Igihe haje rero ikiza nya kiza c’umusi w’izuka;

يَوۡمَ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ مَا سَعَىٰ﴿٣٥

35Umusi umuntu azokwerekwa ivyo yakoze, aheze avyibuke, anavyemange;

وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِمَن يَرَىٰ﴿٣٦

36Umuriro ururumba ugashirwa ahabona;

فَأَمَّا مَن طَغَىٰ﴿٣٧

37Uwo wese rero, yimonogoje mu buhakanyi;

وَءَاثَرَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا﴿٣٨

38Agahitamwo ubuzima bwo kw’isi, akirengagiza ubuzima bw’inyuma yo gupfa;

فَإِنَّ ٱلۡجَحِيمَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ﴿٣٩

39Mu vy’ukuri, umuriro ururumba wa Jahannamu, ni bwo bushikiro bwiwe.

وَأَمَّا مَنۡ خَافَ مَقَامَ رَبِّهِۦ وَنَهَى ٱلنَّفۡسَ عَنِ ٱلۡهَوَىٰ﴿٤٠

40Nayo uwitwararitse kurengutswa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, akanareka gukora ivyo umutima wiwe wipfuza;

فَإِنَّ ٱلۡجَنَّةَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ﴿٤١

41Mu vy’ukuri, Ubwami bw’ijuru ni ryo cumbi ryiwe.

يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَا﴿٤٢

42Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza igihe umuhero w’isi uzoberako!

فِيمَ أَنتَ مِن ذِكۡرَىٰهَآ﴿٤٣

43Wewe, nta bumenyi bw’igihe uzoberako ufise.

إِلَىٰ رَبِّكَ مُنتَهَىٰهَآ﴿٤٤

44Ubumenyi bwawo buri ku Mana yawe Rurema Allah.

إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرُ مَن يَخۡشَىٰهَا﴿٤٥

45Wewe gusa, uri umugabisha w’uwutinya akitegurira uwo musi w’umuhero.

كَأَنَّهُمۡ يَوۡمَ يَرَوۡنَهَا لَمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا عَشِيَّةً أَوۡ ضُحَىٰهَا﴿٤٦

46Umusi bazowubona, bazomera nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse igihe kingana n’umuhingamo[2] canke umusase gusa[3].

RELATED SURAHS