النبأ
The Tidings • 40 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Ababangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki?
2Babazanya ku nkuru ihambaye y’umusi w’izuka ry’ibiremwa, ivugwa muri Qor’ani ntagatifu;
3Ari yo badahurizako bigatuma bayihakana bivuye inyuma.
4Nibateshwe bate, barahumba! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kw’iyo nkuru igihe babonye inkurikizi z’igarariza ryabo ku musi w’izuka.
5Eka, nibateshwe bate, barahumba! Kandi nibageze aho uguhakana! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kwa Qor’ani n’ukw’izuka rivugwa muri yo.
6Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi nk’isaso!
7Tugira n’imisozi nk’imambo ziyigumya!
8Tubaremamwo imigwi ibiri; igitsina-gabo n’igitsina-gore!
9Tugira n’itiro ryanyu kuba uburuhuro bw’umubiri n’umutima!
10Tugira n’ijoro kuba nk’impuzu ipfuka umubiri, iyo umwijima waryo ubanyegeje!
11Tugira n’umurango kuba umwanya wo kurondera ikibabeshaho!
12Twubaka n’amajuru indwi akomakomeye mu kirere hejuru yanyu!
13Tugira n’izuba riba nk’itara ribasusurutsa!
14Tumanura n’amazi menshi y’imvura ava mu bicu;
15Kugira Tuyanagishe imbuto zifungurwa n’abantu, n’ivyatsi birishwa n’ibikoko;
16N’amashamba atotahaye, arimwo ibiti vy’amashami azitanye.
17Mu vy’ukuri, umusi w’izuka wo gutunganiriza ibiremwa urafise isango ntarengwa;
18Ni umusi hazovuzwa inzamba igira kabiri, mugaca muzuka mu migwimigwi[1];
19Amajuru na yo akugururwa, akagira imiryango myinshi;
20Imisozi na yo igakurwaho, ikaba icirungu[2].
21Mu vy’ukuri umuriro wa Jahannamu kuri uwo musi, ni uburerekero bw’abahakanyi;
22Ku barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, ni bwo buruhukiro bwabo;
23Bazowubamwo ibihe n’ibihe bidahera.
24Nta mbeho bazokwumvamwo ngo basame akayaga, eka nta n’ikinyobwa bazohabwa ngo bice inyota;
25Atari amazi yasebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera.
26Iyo, ni yo mpembo ikwiranye n’ivyo bakoze.
27Mu vy’ukuri, ntibigeze batinya umusi w’iharurirwa ngo bawitegurire;
28Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, Twarungikanye Intumwa.
29Ibintu vyose rero, Twarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
30Kubera ivyo rero bagarariji, nimwumvirize indishi y’ivyo mwakoze. Nta n’ico Tuzobongererako atari ibihano ku bindi.
31Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru;
32Bazoronkamwo imirima itotahaye hamwe n’imizabibu;
33N’inkumi zigishinze amabere, ziri mu runganwe rumwe;
34N’ibirahuri vyuzuye inzoga zitaboreza.
35Muri ubwo Bwami bw’ijuru, ntibazokwigera bumvamwo amajambo y’imburakimazi, eka ntibazonabeshuzanya.
36Ivyo vyose rero, ni impembo ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, impembo ikwiye ibereye;
37Ni impembo ivuye ku Mana Allah, Mubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, Nyenimpuhwe ku biremwa. Ntibazoshobora kugira ico bayibajije, kiretse ku vyo Itanzeko uburenganzira;
38Ku musi Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abandi bamalayika bazotonda ku murongo, nta n’umwe bazovugira, kiretse uwuzohabwa na Nyenimpuhwe Allah uburenganzira bwo kuvugirwa, agaheza akavuga ibitomoye.
39Uwo ni wo musi w’ukuri, ata makenga ko uzoshika. Uwushaka gukira intureka zawo rero, nakurikire inzira y’ibikorwa vyiza, imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah.
40Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabagabishije ku bihano biri hafi gushika. Umusi umuntu azobona ivyakozwe n’amaboko yiwe, vyaba ivyiza canke ibibi, maze umugarariji agashoka avuga ati: “Yoo! Amagorwa arama yemwe! Iyo nari gupfuma nibera ivu, simpeze ngo nzuke”.