الليل
The Night • 21 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijoro iyo ripfutse ibintu vyose kw’isi!
2No ku murango iyo hakeye, hakabona!
3No kw’irema ry’igitsina-gabo n’igitsina-gore!
4Bantu! Mu vy’ukuri ibikorwa vyanyu biri kwinshi; muri mwebwe harimwo uwukorera isi, hakabamwo n’uwukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
5Uwo wese rero azotanga atiziganya mu matungo yiwe ku bw’Imana Allah, akanagamburuka;
6Akanemera ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH[1]”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;
7Uyo rero Twebwe Allah, Tuzomworohereza mu buzima bwo kw’isi, Tunamushoboze gukora ivyiza bimushikana mu Bwami bw’ijuru.
8Nayo uwuzoba ingumyi mu gutanga, ntanakenere indishi ku Mana Allah;
9Agahakana n’ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;
10Uyo, Twebwe Allah Tuzomworohereza gukora ibimushikana ku magorwa yo mu muriro udahera;
11Amatungo yiwe, nta n’ico azomumarira igihe yahanantukiye mu muriro udahera.
12Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tujejwe kwerekana inzira igororotse iganisha mu Bwami bw’ijuru.
13Kandi mu vy’ukuri, ni Twe Tugaba Tukaganza ubuzima bw’inyuma yo gupfa n’ubwo kw’isi.
14Ni na co gituma Ndababuriye - bantu - Ndanabatinyisha n’ibihano vyo mu muriro ururumba.
15Nta wuwinjiramwo ubutavayo atari uwimonogoje mu bugarariji;
16Uwuhakana Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), agaheza akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo.
17Hazokwegezwa kure y’uwo muriro, uwugamburukira Imana Allah bikwiye;
18Uwutanga amatungo yiwe ku bw’Imana Allah, arondera kubandanya yiyeza;
19Kandi nta n’umwe agirira ineza mu ntumbero yo gusubirizwa mu ndumane;
20Ariko agira ineza arondera gushimwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere.
21Kandi nta kibuza ko azoshima impera n’inema zayo mu Bwami bw’ijuru.