Ad-Duha

الضحى

The Morning Hours11 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلضُّحَىٰ﴿١

1Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe c’umutaga!

وَٱلَّيۡلِ إِذَا سَجَىٰ﴿٢

2No kw’ijoro iyo ripfutse ibiremwa bigaturura!

مَا وَدَّعَكَ رَبُّكَ وَمَا قَلَىٰ﴿٣

3Ko Imana yawe Rurema Allah Itaguhevye Muvugishwamana; kandi ko Itanagushavuriye ku guteba kw’ihishurirwa rya Qor’ani.

وَلَلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لَّكَ مِنَ ٱلۡأُولَىٰ﴿٤

4Nta nkeka rero ko ubuzima bwawe bw’inyuma yo gupfa, ari bwiza kurusha ubwo kw’isi.

وَلَسَوۡفَ يُعۡطِيكَ رَبُّكَ فَتَرۡضَىٰٓ﴿٥

5Kandi nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah, Izoguha vyinshi uzoheza ugashima.

أَلَمۡ يَجِدۡكَ يَتِيمٗا فَـَٔاوَىٰ﴿٦

6Muvugishwamana! Mbega, Imana Allah ntiyagusanze uri impfuvyi, Ikakubungabunga!

وَوَجَدَكَ ضَآلّٗا فَهَدَىٰ﴿٧

7Igusanga utazi ico ari co Igitabu, n’ico ari co ukwemera! Iraheza Irakwigisha ivyo utari uzi, Inagushoboza gukora n'ivyiza bitegetswe!

وَوَجَدَكَ عَآئِلٗا فَأَغۡنَىٰ﴿٨

8Igusanga ukenye maze Iragukenura, Iguha ukwihangana no kubumbwa n’ivyo ufise!

فَأَمَّا ٱلۡيَتِيمَ فَلَا تَقۡهَرۡ﴿٩

9Kubera ivyo rero, ntukaryagumbe impfuvyi ngo uyihahaze.

وَأَمَّا ٱلسَّآئِلَ فَلَا تَنۡهَرۡ﴿١٠

10Nayo uwusavye gufashwa canke kwigishwa, ntukamuburabuze, ahubwo muhe unamutunganirize;

وَأَمَّا بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ فَحَدِّثۡ﴿١١

11Nayo inema z’Imana yawe Rurema Allah, ziyage ushima.

RELATED SURAHS