Ash-Sharh

الشرح

The Relief8 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

أَلَمۡ نَشۡرَحۡ لَكَ صَدۡرَكَ﴿١

1Muvugishwamana! Mbega, Twebwe Allah, ntitwakwaguriye igikiriza cawe mu kuguha ukwihangana, kugira ushobore kwakira ubutumwa no kubushikiriza!

وَوَضَعۡنَا عَنكَ وِزۡرَكَ﴿٢

2Turaheza Tugukurako umutwaro (w’uko abantu bawe warungitsweko batotumbera inzira)!

ٱلَّذِيٓ أَنقَضَ ظَهۡرَكَ﴿٣

3Umutwaro wari uremereye umugongo wawe;

وَرَفَعۡنَا لَكَ ذِكۡرَكَ﴿٤

4Gutyo, ku kubera imigenzo myiza wahawe, Tukudugiriza icubahiro.

فَإِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرًا﴿٥

5Ntuzobuzwe rero n’ibangamirwa ry’abakwanka, gushikiriza ubutumwa. Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.

إِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرٗا﴿٦

6Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.

فَإِذَا فَرَغۡتَ فَٱنصَبۡ﴿٧

7Kubera ivyo rero, iyo uhejeje gutunganya ibikenewe mu vy’isi, senga ushimire Imana Allah;

وَإِلَىٰ رَبِّكَ فَٱرۡغَب﴿٨

8Unatakambe cane urondera ibiri ku Mana yawe Rurema Allah.

RELATED SURAHS