At-Tin

التين

The Fig8 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلتِّينِ وَٱلزَّيۡتُونِ﴿١

1Jewe Allah, Ndarahiye kuri “Tiini” na “Zayituuni[1]” (vyahezagiwe)!

وَطُورِ سِينِينَ﴿٢

2No ku musozi wa Sinayi, ari na ho Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuganiye n’Imana Allah ukuri kwamye!

وَهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ ٱلۡأَمِينِ﴿٣

3No kuri iki gisagara ca Makka gitekanye!

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِيٓ أَحۡسَنِ تَقۡوِيمٖ﴿٤

4Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane;

ثُمَّ رَدَدۡنَٰهُ أَسۡفَلَ سَٰفِلِينَ﴿٥

5Hanyuma Tumusubiza mu muriro udahera, mu gihe atokwumvira Imana Allah agakurikira n’Intumwa zayo.

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَلَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونٖ﴿٦

6Ariko rero abemeye Imana Allah n’Intumwa bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe impembo itagabanijwe, idahera.

فَمَا يُكَذِّبُكَ بَعۡدُ بِٱلدِّينِ﴿٧

7Muntu! None ni igiki gituma inyuma y’ivyo vyose, uhakana wivuye inyuma umusi w’impera!

أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِأَحۡكَمِ ٱلۡحَٰكِمِينَ﴿٨

8Mbega burya Imana Allah, Yategekanije umusi wo gutunganiriza ibiremwa, si Yo Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa vyayo gusumba abacamanza bose! Yobuzwa n’iki! Ego cane, ni Yo!

RELATED SURAHS