Al-Ma'un

الماعون

The Small Kindnesses7 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

أَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي يُكَذِّبُ بِٱلدِّينِ﴿١

1Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka?

فَذَٰلِكَ ٱلَّذِي يَدُعُّ ٱلۡيَتِيمَ﴿٢

2Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo;

وَلَا يَحُضُّ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ﴿٣

3Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene.

فَوَيۡلٞ لِّلۡمُصَلِّينَ﴿٤

4Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya;

ٱلَّذِينَ هُمۡ عَن صَلَاتِهِمۡ سَاهُونَ﴿٥

5Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo;

ٱلَّذِينَ هُمۡ يُرَآءُونَ﴿٦

6Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu;

وَيَمۡنَعُونَ ٱلۡمَاعُونَ﴿٧

7Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[1].

RELATED SURAHS