At-Takwir

التكوير

The Overthrowing29 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

إِذَا ٱلشَّمۡسُ كُوِّرَتۡ﴿١

1Igihe izuba ryazingwazinzwe ntiribe rigisubira kwaka;

وَإِذَا ٱلنُّجُومُ ٱنكَدَرَتۡ﴿٢

2Igihe n’inyenyeri zahungurutse ntizibe zigisubira kuboneka;

وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ سُيِّرَتۡ﴿٣

3Igihe n’imisozi yasunitswe igahoka;

وَإِذَا ٱلۡعِشَارُ عُطِّلَتۡ﴿٤

4Igihe n’ingamiya zifise amezi zirengagijwe;

وَإِذَا ٱلۡوُحُوشُ حُشِرَتۡ﴿٥

5Igihe n’inyamaswa zegeranirijwe hamwe, kugira Imana Allah Ihorere izarenganijwe n’izindi;

وَإِذَا ٱلۡبِحَارُ سُجِّرَتۡ﴿٦

6Igihe n’ibiyaga vyakijwe umuriro bikarurumba;

وَإِذَا ٱلنُّفُوسُ زُوِّجَتۡ﴿٧

7Igihe n’imishaha yahujwe n’iyindi mishaha hari ico ihuriyeko;

وَإِذَا ٱلۡمَوۡءُۥدَةُ سُئِلَتۡ﴿٨

8Igihe n’umwigeme yahambwe abona yabajijwe ku musi w’izuka;

بِأَيِّ ذَنۢبٖ قُتِلَتۡ﴿٩

9Ku co yahowe, kigatuma yicwa mu guhambwa abona!

وَإِذَا ٱلصُّحُفُ نُشِرَتۡ﴿١٠

10Igihe n’ibitabu vy’ibikorwa vy’ibiremwa vyashizwe ahabona bikugururwa;

وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ كُشِطَتۡ﴿١١

11Igihe n’ijuru ryuguruwe rigakurwaho;

وَإِذَا ٱلۡجَحِيمُ سُعِّرَتۡ﴿١٢

12Igihe n’umuriro wa Jahannamu wegenyejwe;

وَإِذَا ٱلۡجَنَّةُ أُزۡلِفَتۡ﴿١٣

13Igihe n’Ubwami bw’ijuru bwegerejwe abemeramana;

عَلِمَتۡ نَفۡسٞ مَّآ أَحۡضَرَتۡ﴿١٤

14Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese rero azomenya ico yakoze; caba iciza canke ikibi.

فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلۡخُنَّسِ﴿١٥

15Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri zitaka ku murango!

ٱلۡجَوَارِ ٱلۡكُنَّسِ﴿١٦

16Zigendera ahatabona mu nzira-ntasobwa zazo!

وَٱلَّيۡلِ إِذَا عَسۡعَسَ﴿١٧

17Ndarahiye kandi no kw’ijoro iyo bwije!

وَٱلصُّبۡحِ إِذَا تَنَفَّسَ﴿١٨

18No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!

إِنَّهُۥ لَقَوۡلُ رَسُولٖ كَرِيمٖ﴿١٩

19Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari ijambo ry’Uhoraho Allah rishikirizwa n’Intumwa yubashwe (Umumalayika Jibrili);

ذِي قُوَّةٍ عِندَ ذِي ٱلۡعَرۡشِ مَكِينٖ﴿٢٠

20Nyeninguvu n’ubushobozi bwo kwubahiriza amabwirizwa, afise icubahiro kinini imbere ya Nyenubuhangamo Allah;

مُّطَاعٖ ثَمَّ أَمِينٖ﴿٢١

21Agamburukirwa n’abandi bamalayika, umwizigirwa mu guhishurira Intumwa.

وَمَا صَاحِبُكُم بِمَجۡنُونٖ﴿٢٢

22Umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), si umusazi namba;

وَلَقَدۡ رَءَاهُ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡمُبِينِ﴿٢٣

23Mu vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarabonye umumalayika Jibrili ukuri kwamye mu buseruko bw’i Makka[1];

وَمَا هُوَ عَلَى ٱلۡغَيۡبِ بِضَنِينٖ﴿٢٤

24Kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntiyigungirako ijambo ry’Imana Allah;

وَمَا هُوَ بِقَوۡلِ شَيۡطَٰنٖ رَّجِيمٖ﴿٢٥

25Kanatsinda, iyo Qor’ani si ijambo rya shetani yavumwe. Ahubwo ni ijambo ry’Imana Allah.

فَأَيۡنَ تَذۡهَبُونَ﴿٢٦

26Mbega, mwebwe mugana hehe, mu guhakana Qor’ani inyuma y’ivyo vyemezo vyose?

إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ﴿٢٧

27Iyo Qor’ani ntagatifu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose;

لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَسۡتَقِيمَ﴿٢٨

28Kuri uwo wese muri mwebwe ashaka gutumbera inzira igororotse.

وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ﴿٢٩

29Kandi ntimuzoshaka kugororoka ngo mubishobore, kiretse igihe Imana Allah Ibishatse, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.

RELATED SURAHS