الانفطار
The Cleaving • 19 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Igihe ijuru ryasadaguritse;
2Igihe n’inyenyeri zahungurutse;
3Igihe n’ibiyaga vyagomorowe bigacika kimwe;
4Igihe n’imva zazuwe;
5Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese azomenya ico yakoze n’ico yirengagije, aheze agihemberwe.
6Ewe muntu uhakana izurwa ry’ibiremwa! Wahenzwe n’igiki kigutuma ugarariza Imana yawe Rurema Allah, Nyenubugiraneza?
7Ni Yo Yakuremye, Iragutunganya, Iranakuringaniza neza;
8Yakuremye uko Ishaka mw’ishusho rihambaye.
9Bantu ! Nimuteshwe mute murahumba! Murihenda mu gusenga ibigirwamana. Ahubwo mwebwe muhakana mwivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa.
10Mu vy’ukuri, mufise abamalayika bajejwe kubabungabungira ivyo mukora mu kuvyandika;
11Batewe iteka n’Imana Allah, bandika vyose ata kibacika;
12Barazi ivyo mukora vyose, vyaba ivyiza canke ibibi.
13Mu vy’ukuri aberanda bubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, ni ukuri bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru.
14Mu vy’ukuri, n’inkozi z’ikibi zitigera zubahiriza agateka k’Imana Allah n’ak’ibiremwa, na zo zizoba ziri mu muriro ururumba;
15Zizowinjira, ziwote ku musi w’impera;
16Ntizizowukira ngo ziwuvemwo canke ngo zipfe.
17Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!
18Hanyuma, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!
19Ni umusi umuntu ata co azomarira mugenziwe. Itegeko kuri uwo musi, ni iry’Imana Allah Yonyene.