Az-Zalzalah

الزلزلة

The Earthquake8 ayahsMedinan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

إِذَا زُلۡزِلَتِ ٱلۡأَرۡضُ زِلۡزَالَهَا﴿١

1Igihe isi yanyiganyijwe nya kunyiganyizwa;

وَأَخۡرَجَتِ ٱلۡأَرۡضُ أَثۡقَالَهَا﴿٢

2Maze isi igasohora ibiri muri yo vyose; abapfuye hamwe n’ubutare;

وَقَالَ ٱلۡإِنسَٰنُ مَا لَهَا﴿٣

3Umuntu akicwa n’ubwoba n’akantu abaza ati: “Mbega yemwe! Isi yashikiwe n’iki?”.

يَوۡمَئِذٖ تُحَدِّثُ أَخۡبَارَهَا﴿٤

4Uwo musi, isi izoshikiriza inkuru z’ivyayikoreweko vyose; vyaba ivyiza canke ibibi;

بِأَنَّ رَبَّكَ أَوۡحَىٰ لَهَا﴿٥

5Kuko Imana yawe Rurema Allah Yayitegetse.

يَوۡمَئِذٖ يَصۡدُرُ ٱلنَّاسُ أَشۡتَاتٗا لِّيُرَوۡاْ أَعۡمَٰلَهُمۡ﴿٦

6Uwo musi, abantu bazozuka bari imigwimigwi, kugira berekwe n’Imana Allah ibikorwa vyabo, Inabibahembere.

فَمَن يَعۡمَلۡ مِثۡقَالَ ذَرَّةٍ خَيۡرٗا يَرَهُۥ﴿٧

7Uwo wese rero akora iciza n’aho coba kingana n’akanyegeri, azobona indishi yaco mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

وَمَن يَعۡمَلۡ مِثۡقَالَ ذَرَّةٖ شَرّٗا يَرَهُۥ﴿٨

8N’uwukora ikibi n’aho coba kingana n’akanyegeri, na co nyene azobona igihano caco mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

RELATED SURAHS