العاديات
The Chargers • 11 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Jewe Allah, Ndarahiye kw’ifarasi zirukanga zihezuka mu gutera umwansi ku rugamba rwo guharanira Imana Allah!
2N’iziruka ibinono bigacira amasase!
3N’izitera umwansi mu gitondo!
4Maze zigasura intumo mu kwiruka!
5Zigana hagati y’abansi!
6Mu vy’ukuri, umuntu ni intashima y’inema z’Imana yiwe Rurema Allah.
7Mu vy’ukuri na we nyene kuri ivyo, ni icabona.
8Mu vy’ukuri, umuntu mu gukunda amatungo ararengeje.
9Mbega umuntu ntazi ibizoba bimurindiriye, igihe Imana Allah Yazuye abapfuye bava mu mva zabo kugira baharurirwe;
10Hakanerekanwa n’ibiri mu mishaha (ivyiza canke ibibi)!
11Mu vy’ukuri Imana yabo Rurema, kuri uwo musi, Irazi neza ivyo bakoze, nta na kimwe Iyobewe.