Al-Balad

البلد

The City20 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

لَآ أُقۡسِمُ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ﴿١

1Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!

وَأَنتَ حِلُّۢ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ﴿٢

2Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[1].

وَوَالِدٖ وَمَا وَلَدَ﴿٣

3Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِي كَبَدٍ﴿٤

4Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa.

أَيَحۡسَبُ أَن لَّن يَقۡدِرَ عَلَيۡهِ أَحَدٞ﴿٥

5Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!

يَقُولُ أَهۡلَكۡتُ مَالٗا لُّبَدًا﴿٦

6Avuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”.

أَيَحۡسَبُ أَن لَّمۡ يَرَهُۥٓ أَحَدٌ﴿٧

7Mbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi!

أَلَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ عَيۡنَيۡنِ﴿٨

8Mbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha!

وَلِسَانٗا وَشَفَتَيۡنِ﴿٩

9Tumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo!

وَهَدَيۡنَٰهُ ٱلنَّجۡدَيۡنِ﴿١٠

10Dutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo!

فَلَا ٱقۡتَحَمَ ٱلۡعَقَبَةَ﴿١١

11Mbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa!

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡعَقَبَةُ﴿١٢

12Ni igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza!

فَكُّ رَقَبَةٍ﴿١٣

13Ni uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge;

أَوۡ إِطۡعَٰمٞ فِي يَوۡمٖ ذِي مَسۡغَبَةٖ﴿١٤

14Canke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara;

يَتِيمٗا ذَا مَقۡرَبَةٍ﴿١٥

15Impfuvyi ya hafi mu muryango[2];

أَوۡ مِسۡكِينٗا ذَا مَتۡرَبَةٖ﴿١٦

16Canke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero).

ثُمَّ كَانَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلصَّبۡرِ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلۡمَرۡحَمَةِ﴿١٧

17Inyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa.

أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ﴿١٨

18Abo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru.

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا هُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ﴿١٩

19Nayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu;

عَلَيۡهِمۡ نَارٞ مُّؤۡصَدَةُۢ﴿٢٠

20Bazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose.

RELATED SURAHS