الفجر
The Dawn • 30 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Jewe Allah, Ndarahiye ku mutwenzi!
2No ku majoro cumi ya mbere yo mu kwezi kwa 12, Dhul-Hijja!
3No kuri bibiribibiri na nyahagwe!
4No kw’ijoro iyo rihise! Ko abahakanyi bazohanwa;
5Ubwo muri ivyo, ntiharimwo indahiro ikwiye ku wufise ubwenge!
6Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwabonye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize Bene Aadi igihe c’Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!
7Ubwoko bwa Iramu, beninguvu n’amazu maremare;
8Nta baremwe nkabo mu bindi bisagara mu ngimba n’inguvu bari bafise.
9Ntiwabonye n’ukuntu Yagize Bene Thamuudi, babaza amazu mu mabuye mu kabande igihe c’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!
10Ntiwabonye kandi ukuntu Yagize Firawuni nyeningabo zatsimbataje ubwami bwiwe muri Misiri!
11Abo bose, barimonogoje mu bugizi bwa nabi, mu bihugu vy’Imana Allah;
12Baraheza bakwiragizamwo ubwononyi bwinshi;
13Maze Imana yawe Rurema Allah, Ica Irabamanurira ibihano bibakwiye.
14Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Umureretsi w’ivyo bakoze, Iratenyenya ntiyibagira.
15Nayo umuntu, iyo Imana yiwe Rurema Allah Imugerageje, Ikamutera iteka ry’ubutegetsi canke ry’ubutunzi, araheza akibaza ko biturutse ku butore bwiwe, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaranteye iteka nta ngere”.
16Iyo naho Imugerageje, Ikamugerera mu vyo Imuronsa bimubeshaho, araheza akibaza ko biturutse ku gasuzuguro, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaransuzuguye”.
17Nateshwe ate, arahumba! Ariko guhabwa iteka guturuka ku kwumvira Imana Allah; gusuzugurwa na kwo, kugaturuka ku kugabitaniriza Imana Allah. Ahubwo rero mwebwe, ntimwitaho impfuvyi ngo muzifashe;
18Ntimunahimirizanya gufungurira abakene;
19Mukarya mukuzako n’amatungo y’abandi mu bisigi;
20Mugakunda n’amatungo urukundo rurenze.
21Nimuteshwe mute, murahumba! Ntimwategerezwa kuba ukwo. Igihe rero isi yahondwahonzwe;
22Imana yawe Rurema Allah na Yo, Ikaza gutunganiriza ibiremwa, abamalayika na bo batonze ku murongo;
23Umuriro wa Jahannamu na wo kuri uwo musi, ugashirwa ahabona; uwo musi, umuntu w’umugarariji azokwikebuka yibuke kwigaya, ariko rero ukwo kwibuka akigaya, nta co kuzomumarira.
24Azovuga yicuza ati: “Ubona iyo nkora nkiri kw’isi ivyomfasha muri ubu buzima bwanje bw’inyuma yo gupfa!”.
25Kuri uwo musi rero, nta wuzohana umuhakanyi bikwiye nk’igihano c’Imana Allah.
26Kandi nta wuzoboha nk’Imana Allah mu kudadira umuhakanyi.
27Iyo umwemeramana apfuye, abwirwa ati: “Ewe mutima utekanishijwe n’ininahaza n’itaziramana hamwe n’ukwemera Imana Allah!
28Subira ku Mana yawe Rurema Allah wishimiye impera yayo, wishimiwe n’Iyakuremye Allah;
29Uheze winjire rero mu mugwi w’abaja banje beranda;
30Winjire no mu Bwami bwanje bw’ijuru”.