الفلق
The Daybreak • 5 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ndikinze ku Mana Allah, Umuremyi w’igitondo;
2Inkingire inabi y’ivyo Yaremye vyose;
3N’inabi y’ijoro iyo ryijimye;
4N’inabi y’abarozikazi bahuha mu mapfundo mu kuroga;
5N’inabi y’umunyeshari[1] iyo asharitse”.