الناس
Mankind • 6 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ndikinze ku Mubungabunzi w’abantu bose;
2Umwami Mugabe w’abantu, Yikenuye;
3Imana Nyene gusengwa n’abantu, ata yindi mana ikwiye gusengwa atari Yo;
4Inkingire inabi ya shetani itera amazinda kenshi iyo umuntu agoswe, ikanyegera iyo aninahaje Imana Allah;
5Itera amazinda n’amakenga mu mitima y’abantu, ikabosha gukora ibibi no kureka ibitegetswe;
6Ikomoka mu bwoko bw’Amajini n’ubw’abantu”.