المسد
The Palm Fiber • 5 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Yarahonye Abu Lahabi, aragahona ku kubera ukubangamira kwiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
2Amatungo yiwe, eka n’abana biwe, nta co bizomumarira ngo bimukingire ibihano vy’Imana Allah.
3Azokwinjira mu muriro ururumba cane, maze awote;
4Ari kumwe n’umugore wiwe (Ummu Jamiila), yahora yikorera amahwa akayatega mu nzira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) icamwo;
5Uyo mukenyezi, azotabwa mu muriro aboheshejwe mw’izosi ikiziriko gitsivye neza.