An-Nasr

النصر

The Divine Support3 ayahsMedinan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

إِذَا جَآءَ نَصۡرُ ٱللَّهِ وَٱلۡفَتۡحُ﴿١

1Ntumwa y’Imana! Igihe habonetse intsinzi y’Imana Allah ugatsinda ababangikanyamana mu Bakorayishi, ugaheza ugahabuza igisagara ca Makka;

وَرَأَيۡتَ ٱلنَّاسَ يَدۡخُلُونَ فِي دِينِ ٱللَّهِ أَفۡوَاجٗا﴿٢

2Ukabona n’abantu binjira mw’idini ry’Imana Allah ry’ubwislamu ari benshi mu migwimigwi;

فَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ وَٱسۡتَغۡفِرۡهُۚ إِنَّهُۥ كَانَ تَوَّابَۢا﴿٣

3Aho rero, uraca witegurira kurengutswa n’Imana Allah, uheze uninahaze ushimagize Imana yawe Rurema Allah, wongere uyisabe kenshi ikigongwe. Mu vy’ukuri, Yo Yamye Yumvira cane abigaya.

RELATED SURAHS