القيامة
The Resurrection • 40 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Jewe Allah, Ndarahiye ku musi w’izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo!
2Ndanarahiye no ku mutima winegura kenshi[1]! Ko ibiremwa bizozuka.
3Mbega, umuntu w’umugarariji yibaza ko Tutazosubira kwegeranya amagufa yiwe inyuma yo gupfa!
4Vyobuzwa n’iki! Twebwe Allah Tuzosubira kuyegeranya, ahubwo Turashoboye no kuringaniza intoke n’amakanda yazo nk’uko zari ziri imbere yo gupfa.
5Ahubwo rero, umuntu ahakana yivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, ashaka ko yoguma mu vyaha;
6Maze akabaza atangara n'itebura n'akantu ati: “Mbega izuka ry’ibiremwa rizoshika ryari!”.
7Igihe umugarariji yakanutse amaso ku bwoba bw’intureka z’uwo musi;
8Ukwezi kukazima, hakaba ubwirakabiri;
9Izuba hamwe n’ukwezi bigashirwa hamwe, ntihasubire kuba ijoro n’umurango;
10Kuri uwo musi, umuntu azovuga ati: “Ubuhungiro bwo gukira ibihano buri hehe!”.
11Muntu! Eka teshwa ute, urahumba! Si nk’uko uvyipfuza, nta buhungiro, eka nta n’ubukiriro;
12Kuri uwo musi, amaherezo y’ibiremwa vyose n’ubutururo bwavyo, ni ku Mana yawe Rurema Allah.
13Umuntu kuri uwo musi, azomenyeshwa ivyo yakoze vyose; ivyiza n’ibibi, n’ivyo yagizemwo uruhara bigakorwa yarapfuye.
14Ahubwo rero, burya umuntu wenyene ku gatwe kiwe, ni isura ku vyo yakoze n’ivyo atakoze;
15N’aho yotanga ivyireguzo yisigura ku vyaha yakoze, nta co bizomwungura.
16Ntumwa y’Imana! Ntugasubiremwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa, imbere yuko umumalayika Jibrili aheraheza, wihutira kuyifata neza ku mutwe ku mpungenge z’uko woyibagira.
17Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Tujejwe kuyitururuza mu mushaha wawe no kugushoboza kuyisoma ku mutwe.
18Iyo Intumwa yacu Jibrili iyigusomeye rero, ba ukurikirana igisomwa ata kuyiciramwo.
19Hanyuma mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tujejwe kuyigusigurira.
20Babangikanyamana! Teshwa mute, murahumba! Si nk’uko mwibaza ko ata zuka ry’ibiremwa rihari, ahubwo murakunda ivy’isi bisayangana mukarenza urugero;
21Mukareka gukora ivyiza bizobafasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
22Abemeramana kuri uwo musi, bazoba basayangana mu maso, akanyamuneza ku kandi kabasya;
23Baraba bitegereza Imana yabo Rurema Allah ukuri kwamye.
24Abanyavyaha na bo kuri uwo musi, bazoba bijiriwe mu maso, babihiwe;
25Bazi neza ko bashikiwe n’ibihano vy'agacamugongo.
26Nateshwe ate, arahumba mu gukunda ivy’ isi! Igihe inkomoko y'ubuzima "Roho" yageze mu muhogo ari ku mpfiro;
27Maze uwuri hafi, akabwirwa n’abari ng’aho ati: “Mbega yemwe, ni nde yomukiza!”;
28Uwuri ku mpfiro na we azoba yamaze kumenya neza na neza ko hageze gusezera isi;
29Maze intureka zo gusezera isi zigahura n’intureka zo gutangura ubuzima bw’inyuma yo gupfa, imirundi igafatana atera akagere ka nyuma.
30Kuri uwo musi w'izuka ry'ibiremwa rero, ibiremwa bizoshorerwa ku Mana yawe Rurema Allah[2].
31Umugarariji, ntiyigeze yemera Intumwa na Qor’ani, eka ntiyigeze anasenga amasengesho-bwirizwa;
32Ahubwo yarahakanye Qor’ani yivuye inyuma, yirengagiza n’ukwemera Intumwa;
33Hanyuma agenda agana ku muryango wiwe n’amanyama n’ubwirasi n'akantu.
34Muhakanyi! Uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!
35Hanyuma kandi, uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!
36Mbega, umuhakanyi w’izuka ry’ibiremwa, yibaza ko azokwihozwa akarekwa uko ashaka, ntahabwe amabwirizwa ngo aheze abazwe ko yayubahirije!
37Mbega, ntiyari ima ry’intanga ryakororewe mu gitereko!
38Hanyuma aba amaraso avuze, ni uko rero Imana Allah Iraheza Iramurema, Iraringaniza indemo yiwe n’ibihimba vyiwe; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;
39Hanyuma Imugiramwo ibitsina bibiri: igitsina-gabo canke igitsina-gore.
40Mbega Imana Allah Ishoboye gukora ivyo vyose, ntishoboye kuzura abapfuye, Ikabasubiza ubuzima!