Al-Insan

الإنسان

Man31 ayahsMedinan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

هَلۡ أَتَىٰ عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ حِينٞ مِّنَ ٱلدَّهۡرِ لَمۡ يَكُن شَيۡـٔٗا مَّذۡكُورًا﴿١

1Mu vy’ukuri, haraciye igihe kirekire ku muntu atarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima "Roho", ntiyari bwabe ikintu kivugwa.

إِنَّا خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٍ أَمۡشَاجٖ نَّبۡتَلِيهِ فَجَعَلۡنَٰهُ سَمِيعَۢا بَصِيرًا﴿٢

2Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye.

إِنَّا هَدَيۡنَٰهُ ٱلسَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرٗا وَإِمَّا كَفُورًا﴿٣

3Mu vy’ukuri, Twaramumenyesheje Turanamutomorera inzira y’ubugororotsi n’iy’ubuhuvyi, iy’ivyiza n’iy’ibibi. Kubera ivyo rero, ashobora guhitamwo kwemera Imana Allah, agashima ivyiza Yamuhaye, canke akagarariza Iyamuremye, agahakana inema zayo.

إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ سَلَٰسِلَاْ وَأَغۡلَٰلٗا وَسَعِيرًا﴿٤

4Mu vy’ukuri, Twarateguriye abagarariji amapingu bazoboheshwa ku maguru, hamwe n’iminyororo bazoboheshwa amaboko yabo mw’izosi, Twarabateguriye n’umuriro wama wegenyejwe.

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ يَشۡرَبُونَ مِن كَأۡسٖ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا﴿٥

5Mu vy’ukuri aberanda bagamburukira Imana Allah, bazonywa mu Bwami bw’ijuru inzoga itaboreza ivanzwe na “Kaafuuri[1]”.

عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا عِبَادُ ٱللَّهِ يُفَجِّرُونَهَا تَفۡجِيرٗا﴿٦

6Ivyo binyobwa, ni iriba riri mu Bwami bw’ijuru, aho abaja b’Imana Allah bicisha bugufi bazonywera, bazoricira inzira baritumbereze aho bashaka;

يُوفُونَ بِٱلنَّذۡرِ وَيَخَافُونَ يَوۡمٗا كَانَ شَرُّهُۥ مُسۡتَطِيرٗا﴿٧

7Bakiri kw’isi rero, barubahiriza ivyo biyemeje “nadhri” bakabishira mu ngiro, bagatinya n'ibihano vyo ku musi, ivyago vyawo bizoba bihambaye, vyugarije hose;

وَيُطۡعِمُونَ ٱلطَّعَامَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ مِسۡكِينٗا وَيَتِيمٗا وَأَسِيرًا﴿٨

8Bakanafungurira n’umukene, impfuvyi n’imbohe, mu gihe na bo nyene bakunda izo mfungurwa kandi banazikeneye;

إِنَّمَا نُطۡعِمُكُمۡ لِوَجۡهِ ٱللَّهِ لَا نُرِيدُ مِنكُمۡ جَزَآءٗ وَلَا شُكُورًا﴿٩

9Mu mitima yabo bakavuga bati: “Ni ukuri, Tubafunguriye ku bw’Imana Allah turondera indishi zayo, ntitubaronderako namba impembo canke gushimwa;

إِنَّا نَخَافُ مِن رَّبِّنَا يَوۡمًا عَبُوسٗا قَمۡطَرِيرٗا﴿١٠

10Mu vy’ukuri, dutinya ibihano bivuye ku Mana yacu Rurema Allah, umusi umuntu azokwijirirwa mu maso n’iminkanyari myinshi, kubera intureka z’akataraboneka”.

فَوَقَىٰهُمُ ٱللَّهُ شَرَّ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمِ وَلَقَّىٰهُمۡ نَضۡرَةٗ وَسُرُورٗا﴿١١

11Abo rero, Imana Allah Izobakingira intureka z’ibihano vy’uwo musi, Yongere Ibasayanganishe mu maso, Ibahe n’akamwemwe ku kandi ku mutima;

وَجَزَىٰهُم بِمَا صَبَرُواْ جَنَّةٗ وَحَرِيرٗا﴿١٢

12Imana Allah Izonabahembera ukuntu bihanganye kw’isi, Ibahe Ubwami bw’ijuru n’impuzu z’iharire yoroshe;

مُّتَّكِـِٔينَ فِيهَا عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِۖ لَا يَرَوۡنَ فِيهَا شَمۡسٗا وَلَا زَمۡهَرِيرٗا﴿١٣

13Bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, biteye igomwe, akayaga keza kabaca irya n’ino, ntibazokwumva ubushuhe bw’izuba canke igikonyozi vy’umurengera;

وَدَانِيَةً عَلَيۡهِمۡ ظِلَٰلُهَا وَذُلِّلَتۡ قُطُوفُهَا تَذۡلِيلٗا﴿١٤

14Bazoba bari mu gatutu k’ibiti vy’aho kari hafi, ivyamwa vya nya biti bizoba vyoroshe kwamura.

وَيُطَافُ عَلَيۡهِم بِـَٔانِيَةٖ مِّن فِضَّةٖ وَأَكۡوَابٖ كَانَتۡ قَوَارِيرَا۠﴿١٥

15Bazohabwa n’abakozi babahereza ku masahani no mu birahuri vy’umwakaka;

قَوَارِيرَاْ مِن فِضَّةٖ قَدَّرُوهَا تَقۡدِيرٗا﴿١٦

16Ibirahuri vy’umwakaka bibonerana, birimwo ibinyobwa bipimwe neza ku rugero rw’inyota y’umunywi.

وَيُسۡقَوۡنَ فِيهَا كَأۡسٗا كَانَ مِزَاجُهَا زَنجَبِيلًا﴿١٧

17Aho mu Bwami bw’ijuru, bazoherezwa inzoga itaboreza ivanzwe n’itangawizi.

عَيۡنٗا فِيهَا تُسَمَّىٰ سَلۡسَبِيلٗا﴿١٨

18Yengeshejwe amazi y’akanovera y’iriba “Salsabiil”, amanuka neza mu muhogo ata gakatsi.

۞ وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٞ مُّخَلَّدُونَ إِذَا رَأَيۡتَهُمۡ حَسِبۡتَهُمۡ لُؤۡلُؤٗا مَّنثُورٗا﴿١٩

19Bazoba bakikijwe n’imisore myiza ibahereza, ikurakuranwa, iri mu runganwe rumwe, idasaza. Uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni “lulu[2]” zisanzajwe mu Bwami bw’ijuru.

وَإِذَا رَأَيۡتَ ثَمَّ رَأَيۡتَ نَعِيمٗا وَمُلۡكٗا كَبِيرًا﴿٢٠

20Aho ubonye hose muri nya Bwami, ubona inema z’akaroruhore n’ubwami bunini buhimbaye.

عَٰلِيَهُمۡ ثِيَابُ سُندُسٍ خُضۡرٞ وَإِسۡتَبۡرَقٞۖ وَحُلُّوٓاْ أَسَاوِرَ مِن فِضَّةٖ وَسَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ شَرَابٗا طَهُورًا﴿٢١

21Bazoba bambaye impuzu z’iharire yoroshe y’urwatsi rubisi, baheze barenzeko n’izindi z'iharire iremereye, bazonaberwa mu kwambikwa imiringa y’umwakaka. Hamwe n’ivyo vyose rero, Imana yabo Rurema Allah, Izobaha ikinyobwa gisukuye, kitagira agakatsi;

إِنَّ هَٰذَا كَانَ لَكُمۡ جَزَآءٗ وَكَانَ سَعۡيُكُم مَّشۡكُورًا﴿٢٢

22Maze babwirwe bati: “Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpembo yanyu, ibikorwa vyanyu vyarashimwe n’Imana Allah”.

إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ تَنزِيلٗا﴿٢٣

23Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaguhishuriye Qor’ani ibicebice, kugira wibutse ibiremwa, uheze uremeshe abemeramana, ugabishe n’abagarariji.

فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تُطِعۡ مِنۡهُمۡ ءَاثِمًا أَوۡ كَفُورٗا﴿٢٤

24Kubera ivyo rero, ihanganire ingingo y’Imana yawe Rurema Allah ku vyagezwe kuri wewe, uheze uyishime, maze ubandanye ushikirize ubutumwa bwayo, kandi ntukagamburukire umunyavyaha canke umugarariji n’umwe mu babangikanyamana.

وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلٗا﴿٢٥

25Kandi wibuke kuguma uninahaza Imana yawe Rurema Allah no kuyisaba mu gitondo no ku mugoroba.

وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَٱسۡجُدۡ لَهُۥ وَسَبِّحۡهُ لَيۡلٗا طَوِيلًا﴿٢٦

26Mw’ijoro naho, urubamira Imana Allah (usujudu), uheze usenge mu gicugu uyininahaza umwanya munini.

إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ يُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ وَيَذَرُونَ وَرَآءَهُمۡ يَوۡمٗا ثَقِيلٗا﴿٢٧

27Mu vy’ukuri, abo babangikanyamana bakunda ivy’isi, bakavyitwararika cane, bakareka kwitegurira umusi w’umuhero w’isi uremereye.

نَّحۡنُ خَلَقۡنَٰهُمۡ وَشَدَدۡنَآ أَسۡرَهُمۡۖ وَإِذَا شِئۡنَا بَدَّلۡنَآ أَمۡثَٰلَهُمۡ تَبۡدِيلًا﴿٢٨

28Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Twabaremye, Turaheza Dukomeza ibihimba vy’imibiri yabo. Mu gihe rero Twoshaka, Twobarigita, Tukarema abandi nkabo bagamburukira Imana Allah kubarusha.

إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٞۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلٗا﴿٢٩

29Mu vy’ukuri iki gisomwa, ni urwibutso ku biremwa, uwoshaka ineza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, yogira ukwemera Imana Allah inzira imushikana ku mbabazi n’ishimwa vy’Imana yiwe Rurema Allah.

وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا﴿٣٠

30Kanatsinda, nta co mwoshaka gushikako mu vyo mukora vyose ngo gishoboke, kiretse mu gihe Imana Allah Ibishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi umwe wese muri mwebwe kurusha, Intungane mu vyo Ikora.

يُدۡخِلُ مَن يَشَآءُ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ وَٱلظَّٰلِمِينَ أَعَدَّ لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمَۢا﴿٣١

31Ishira mu mpuhwe zayo uwo Ishaka mu baja bayo. Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Yarabateguriye ibihano bibabaza cane.

RELATED SURAHS