المدثر
The Cloaked One • 56 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Ewe wipfutse impuzu!
2Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah;
3Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose;
4Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka;
5Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere;
6Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera;
7Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo.
8Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka;
9Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji;
10Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa.
11Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye;
12Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka;
13N’abana bama hambavu yiwe i Makka;
14Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro;
15Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije!
16Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu;
17Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[1].
18Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
19Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
20Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
21Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
22Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga.
23Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime;
24Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere;
25Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”.
26Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura.
27Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co?
28Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke;
29Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase;
30Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana.
31Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[2]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu.
32Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi!
33No kw’ijoro iyo bwije hakijima!
34No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!
35Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye!
36Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah;
37Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi.
38Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe;
39Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo.
40Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya;
41Ukuntu abanyavyaha bamerewe.
42Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”.
43Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa;
44Ntitwigeze tunafungurira abakene;
45Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha;
46Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho;
47Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”.
48Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[3] nta co rizobamarira namba.
49Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani!
50Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba;
51Zihunze intambwe.
52Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana.
53Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire.
54Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka.
55Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa.
56Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi.