الحاقة
The Inevitable • 52 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Igitegerezwa kuba.
2Ico, ni igiki gitegerezwa kuba?
3Ntumwa y'Imana! Ni igiki cokumenyesha ico gitegerezwa kuba, ukuntu giteye n'intureka zaco?
4Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), na Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah), barahakanye bivuye inyuma umusi w’inkuramutima, ari wo muhero w’isi.
5Ni uko rero, Bene Thamuudi bahonejwe n’ijwi rimena amatwi.
6Nayo Bene Aadi, bahonejwe n’igihuhusi c’igikonyozi kirandurana n’imizi ico ari co cose bihuye;
7Imana Allah, Yakibarungikiye amajoro indwi n’imirango umunani ikurikirana ata gahengwe, maze kirabahonya. Waraheza ukabona abantu bitega imyereka bagwa hasi nk’ibishitsi vy’itende vyariwe n’umuswa, bitagira intimatima;
8Mbega woba ukibona n’umwe muri bo yarokotse, akarusimba! Barahonye bose.
9Mu nyuma, haje Firawuni n’ubugaba bwiwe, haza n’abahakanyi bo hambere yiwe, hamwe n’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba, barungikiwe Intumwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
10Umugwi wose muri bo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa warungikiwe n’Imana yawo Rurema Allah, maze Iraheza Irawushikura mu kuwuhana bimwe bikomeye.
11Mu vy’ukuri, igihe isegenya ryahitana vyose rero, Twebwe Allah Twararokoye mu guheka mu bwato bureremba, abo mwakomotseko hamwe n’Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
12Ivyo Twabigize kugira ngo bibabere urwibutso, maze ugutwi kwumva na kwo kwumvireho.
13Igihe rero havugijwe n’umumalayika Israafiili inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa vyose;
14Maze isi hamwe n’imisozi bigakurwaho, bigahondwa rimwe gusa;
15Uwo rero, ni wo musi w’imperuka w'igitegerezwa kuba, uzoba washitse;
16Aho ijuru rizosatagurika. Kuri uwo musi, ijuru rizoba ridakomeye namba;
17Abamalayika na bo bazoba bari ku mfuruka zaryo. Abamalayika umunani b’ibihangange bazoba bareruye hejuru yabo Ubuhangamo bw’Imana yawe Rurema Allah;
18Bantu! Kuri uwo musi, muzoshengezwa mwese mucirirwe imanza, muheze muhemberwe ivyo mwakoze, kandi nta banga ryanyu rizonyegezwa.
19Uwuzohabwa rero igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo, azoca avuga ahimbawe cane ati: “Ehe bantu! Akire, nimwisomere iki gitabu canje;
20Mu vy’ukuri, nari nzi yuko nzoronka impembo yanje, ndaheza ndayikorera”;
21Uyo rero, azobaho ubuzima bw’akanyamuneza nta ngere;
22Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;
23Ivyamwa vyo muri Bwo vyamira hafi cane, bikamurwa vyoroshe;
24Bazobwirwa bati: “Nimufungure, mwongere munywe n’akayabagu kenshi ku vyo mwakoze kw’isi”.
25Nayo uwuzohabwa igitabu ciwe mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu, azovuga yihebuye ati: “Amagorwa arama yemwe! Iyo ntahabwa iki gitabu canje;
26Ngatako simenye impembo yanje;
27Yoo! Iyo urupfu napfuye kw’isi rumarira vyose sinzuke;
28Ehe yemwe! Amatungo yanje yose nta co yamariye;
29Eka n’ivyireguzo vyanje vyose vyampereyeko”.
30Abamalayika bacungereye umuriro, bazoca babwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha mukomanye amaboko n’izosi, muce mumudadira n'amapingu;
31Hanyuma mumujugunyire mu muriro ururumba;
32Muheze mumuboheshe umunyororo muremure cane”;
33Mu vy’ukuri, ntiyigeze yemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.
34Kandi ntiyitaho guhimiriza gufungurira abakenye mu bakene n’aboro, n’abandi.
35Uno musi rero, nta mukunzi nkoramutima afise ngo amukingire ibihano;
36Nta n’ibifungurwa ahabwa, atari amashira n’ibindi bitemba biva mu nyenga y’umuriro;
37Nta muntu anabifungura, atari abanyavyaha b’abahakanyi ruhebwa.
38Jewe Allah, Ndarahiye ku bintu mubona n’amaso!
39No ku vyo mutabona mu binyegejwe ibiremwa!
40Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari amajambo y’Imana Allah asomwa n’Intumwa yubashwe.
41Kanatsinda, si n’amajambo y’umwivuzi w'amazina nk'uko mwibwira. Burya mwemera gake!
42Kandi si n’amajambo y’umurozi atongera. Burya mwibuka gake, ngo mushobore kubitandukanya!
43Ahubwo iyo Qor’ani, ni amajambo y’Imana Allah yamanuwe n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
44Iyo rero Muhamadi ahirahira ngo arementanye bimwe mu vyo avuga, Tutigeze Tubimuhishurira;
45Nta nkeka ko Twari kumuhana, Tukanamuca n’ukuboko kw’iburyo;
46Twari no kumuca umutsi mukuru w’umurindi w’amaraso, agapfa;
47Kandi nta n’umwe muri mwebwe yoshoboye kumukingira.
48Mu vy’ukuri iyi Qor’ani ntagatifu, ni n’urwibutso rwibutsa canecane abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah.
49Bantu! Mu vy’ukuri, Turazi ko muri mwebwe harimwo abahakana iyi Qor’ani, ntibayemere.
50Kandi kutayemera, bizotera abagarariji agahombo n’umubabaro.
51Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni kwo kuri nyakwo kudahinyuzwa.
52Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, shishikara uninahaza Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.