المعارج
The Ascending Stairways • 44 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Yarasavye umusavyi[1] igihano gitegerezwa gushika;
2Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika;
3Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere;
4Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu[2].
5Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa.
6Mu vy’ukuri, abagarariji babona ko ibihano vyo kuri uwo musi biri kure cane, bitazonabashikira;
7Na Twe Allah, Tukabibona ko nyabuna biri hafi cane, kandi bitegerezwa gushika.
8Umusi ijuru ryabaye nk’ubutare bw’umujumpu bwayongejwe;
9Imisozi nayo ikaba nk’ubwoya bwashwiragijwe n’umuyaga mu kirere;
10Umugenzi, ntazobaza mugenziwe uko amerewe.
11Abakunzi bazobonana banamenyane, maze umunyavyaha yipfuze ko yotuma yigomboza mu bihano vy’uwo musi, abana biwe;
12N’umukenyezi wiwe, hamwe na mwenewabo;
13N'abo akomokako, bahora bamurwanako kw’isi;
14Hamwe rero n’ibiremwa vyose vyo kw’isi; yiyumvira ko ivyo vyose vyomurokora mu bihano.
15Nateshwe ate, arahumba! Si nk’uko avyipfuza, ntibazomurokora namba. Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni mu muriro wa Jahannamu ururumba n’inguvu nyinshi;
16Ushishura urukoba rw’umutwe n’urw’ibindi bihimba vy’umubiri;
17Uhamagara uwo wese yirengagiza ukuri akiri kw'isi, akanagenza umugongo mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo;
18Yishinga kwegeranya no kuziganya amatungo yiwe; atayatangako ishikanwa-bwirizwa, n’izindi mperezwa.
19Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu yaremanwe igihababu;
20Iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, ntiyihangana;
21N’iyo yorohewe mu buzima, aba ingumyi;
22Havuyemwo gusa abasenga;
23Batsimbataza amasengesho yabo ku mwanya wayo bakamizako;
24N’abafise umugabane uzwi mu matungo yabo, bagaheza bakawutangako ishikanwa-bwirizwa;
25Bagahereza umukene yubahuka agasega n’uwipfa agasoni, ntasabirize.
26Havuyemwo n’abemera umusi w’impera, bakawitegurira mu gukora ivyiza bitegetswe;
27N’abatinya ibihano bivuye ku Mana yabo Rurema Allah, maze bakavyiyubara;
28Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah, nta wokwijajara akiha amahoro mu kwiyemeza ko azobikira;
29N’abacungera ubwambure bwabo, ntibasambane;
30Kiretse gusa ku bakenyezi babo, canke abari mu minwe yabo mu ncoreke. Kuri abo rero, nta mwikomo bazogirirwa, nta kabi kabo.
31Mugabo abazorengera ku bitari ivyo, bazoba barenze imbibe z’ibirekuwe, bavogereye imbibe z’ibibujijwe;
32N’abacungera imbitso baragijwe n’Imana Allah n’izo babikijwe n’abantu, bagashitsa n’amasezerano biyemeje;
33N’ababa ivyabona vy’ukuri mu kutanyegeza canke guhindura ukuri bazi;
34N’abasenga amasengesho yabo bakayatunganya nk’uko bisabwa.
35Abo barangwa n’izo ngeso nziza rero, bazoterwa iteka mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.
36Mbega, ni igiki gituma abagararije Imana Allah bahurumbira kuza bagukanuriye amaso!
37Bagukikije iburyo n’ibubamfu bwawe, bari mu migwimigwi, batangazwa n’ubutumwa ubashikiriza!
38Mbega umwe wese muri bo, yipfuza kwinjizwa mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema; nk’abislamu bicisha bugufi!
39Nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bavyipfuza, ntibazopfa babwinjiye. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye mu mazi y’intanga bazi.
40Jewe Allah, Ndarahiye kw’izina ryanje, Jewe Imana Muremyi Yaremye ubuseruko n’uburengero vy'izuba, vy'ukwezi n'ivy'izindi nyenyeri[3], ko Twebwe Allah Dushoboye vyose!
41Turashoboye kubahindura mu kubasubiriza hakaza ibindi biremwa nkabo, vyubaha Imana Allah kubarusha, kandi ntitwonanirwa n’ivyo!
42Kubera ivyo rero, bareke gutyo babandanye guhakana no gufyinata, kugeza aho bazokwibonera ubwabo uwo musi wabo w'izuka basezeraniwe ko bazohanwa;
43Umusi bazutse bava mu kuzimu banyaragasa, nk’aho boba basiganwa gushika ku bigirwamana bahora basenga kw’isi, bishinze imbere yabo;
44Amaso yabo, azoba araba hasi ku guteterwa, bagayitse. Uwo rero, ni wa musi bari barasezeraniwe bakiri kw’isi ko uzobashikira, bakawuhakana.