Al-Qalam

القلم

The Pen52 ayahsMeccan

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

نٓۚ وَٱلۡقَلَمِ وَمَا يَسۡطُرُونَ﴿١

1Nuun[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha!

مَآ أَنتَ بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ بِمَجۡنُونٖ﴿٢

2Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa!

وَإِنَّ لَكَ لَأَجۡرًا غَيۡرَ مَمۡنُونٖ﴿٣

3Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa;

وَإِنَّكَ لَعَلَىٰ خُلُقٍ عَظِيمٖ﴿٤

4Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani.

فَسَتُبۡصِرُ وَيُبۡصِرُونَ﴿٥

5Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona;

بِأَييِّكُمُ ٱلۡمَفۡتُونُ﴿٦

6Umusazi muri mwebwe uwo ari we.

إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ﴿٧

7Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.

فَلَا تُطِعِ ٱلۡمُكَذِّبِينَ﴿٨

8Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza.

وَدُّواْ لَوۡ تُدۡهِنُ فَيُدۡهِنُونَ﴿٩

9Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera.

وَلَا تُطِعۡ كُلَّ حَلَّافٖ مَّهِينٍ﴿١٠

10Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse;

هَمَّازٖ مَّشَّآءِۭ بِنَمِيمٖ﴿١١

11Akunda kwandagaza abantu, gateranya;

مَّنَّاعٖ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ﴿١٢

12Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha;

عُتُلِّۭ بَعۡدَ ذَٰلِكَ زَنِيمٍ﴿١٣

13Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano;

أَن كَانَ ذَا مَالٖ وَبَنِينَ﴿١٤

14Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi!

إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ﴿١٥

15Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[2].

سَنَسِمُهُۥ عَلَى ٱلۡخُرۡطُومِ﴿١٦

16Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu.

إِنَّا بَلَوۡنَٰهُمۡ كَمَا بَلَوۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ إِذۡ أَقۡسَمُواْ لَيَصۡرِمُنَّهَا مُصۡبِحِينَ﴿١٧

17Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako;

وَلَا يَسۡتَثۡنُونَ﴿١٨

18Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka).

فَطَافَ عَلَيۡهَا طَآئِفٞ مِّن رَّبِّكَ وَهُمۡ نَآئِمُونَ﴿١٩

19Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye;

فَأَصۡبَحَتۡ كَٱلصَّرِيمِ﴿٢٠

20Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro.

فَتَنَادَوۡاْ مُصۡبِحِينَ﴿٢١

21Bumaze guca, baciye bahamagarana;

أَنِ ٱغۡدُواْ عَلَىٰ حَرۡثِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰرِمِينَ﴿٢٢

22Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”.

فَٱنطَلَقُواْ وَهُمۡ يَتَخَٰفَتُونَ﴿٢٣

23Baca baragenda bongorerana;

أَن لَّا يَدۡخُلَنَّهَا ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكُم مِّسۡكِينٞ﴿٢٤

24Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”.

وَغَدَوۡاْ عَلَىٰ حَرۡدٖ قَٰدِرِينَ﴿٢٥

25Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko.

فَلَمَّا رَأَوۡهَا قَالُوٓاْ إِنَّا لَضَآلُّونَ﴿٢٦

26Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”;

بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ﴿٢٧

27Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”;

قَالَ أَوۡسَطُهُمۡ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ لَوۡلَا تُسَبِّحُونَ﴿٢٨

28Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka)!

قَالُواْ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ﴿٢٩

29Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”.

فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَلَٰوَمُونَ﴿٣٠

30Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo;

قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا طَٰغِينَ﴿٣١

31Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa;

عَسَىٰ رَبُّنَآ أَن يُبۡدِلَنَا خَيۡرٗا مِّنۡهَآ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا رَٰغِبُونَ﴿٣٢

32Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah".

كَذَٰلِكَ ٱلۡعَذَابُۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ﴿٣٣

33Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ﴿٣٤

34Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema.

أَفَنَجۡعَلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ كَٱلۡمُجۡرِمِينَ﴿٣٥

35Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi!

مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ﴿٣٦

36Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi!

أَمۡ لَكُمۡ كِتَٰبٞ فِيهِ تَدۡرُسُونَ﴿٣٧

37Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi!

إِنَّ لَكُمۡ فِيهِ لَمَا تَخَيَّرُونَ﴿٣٨

38Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu.

أَمۡ لَكُمۡ أَيۡمَٰنٌ عَلَيۡنَا بَٰلِغَةٌ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّ لَكُمۡ لَمَا تَحۡكُمُونَ﴿٣٩

39Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza!

سَلۡهُمۡ أَيُّهُم بِذَٰلِكَ زَعِيمٌ﴿٤٠

40Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”;

أَمۡ لَهُمۡ شُرَكَآءُ فَلۡيَأۡتُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ﴿٤١

41Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza;

يَوۡمَ يُكۡشَفُ عَن سَاقٖ وَيُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ﴿٤٢

42Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[3] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;

خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۖ وَقَدۡ كَانُواْ يُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ وَهُمۡ سَٰلِمُونَ﴿٤٣

43Amaso y’ibiremwa azoba araba hasi bidashoboye kuyunamura, vyugarijwe no guteterwa ku bihano vy’uwo musi. Mu vy’ukuri, vyahora bihamagarirwa kwubamira no kwiyegereza Imana Allah kw’isi mu gihe vyari bikomeye, bibishoboye, ariko ntivyigeze bigamburuka ngo biyubamire.

فَذَرۡنِي وَمَن يُكَذِّبُ بِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِۖ سَنَسۡتَدۡرِجُهُم مِّنۡ حَيۡثُ لَا يَعۡلَمُونَ﴿٤٤

44Ntumwa y’Imana! Ndekera abahakana iyi Qor’ani, Nzobihanira. Twebwe Allah, Tuzobashira mu bihano bukebuke mu kubaronsa amatungo n’ibibondo, mu buryo batazi ko ari kwo guhanwa;

وَأُمۡلِي لَهُمۡۚ إِنَّ كَيۡدِي مَتِينٌ﴿٤٥

45Nzoheza rero Jewe Allah, Ndabahe no kuramba ntihutira kubahana, kugira barendegere mu bicumuro. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane.

أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرٗا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٖ مُّثۡقَلُونَ﴿٤٦

46Ntumwa y’Imana! Canke woba usaba ababangikanyamana impembo y’ivy’isi kw’ishikirizabutumwa ryawe, ku buryo baremerwa n’iyo mpembo!

أَمۡ عِندَهُمُ ٱلۡغَيۡبُ فَهُمۡ يَكۡتُبُونَ﴿٤٧

47Canke boba bazi ibinyegejwe ibiremwa, bagaheza bakandika bakavyisunga mu gushinga ingingo yuko ari bo ntore gusumba abemeramana!

فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تَكُن كَصَاحِبِ ٱلۡحُوتِ إِذۡ نَادَىٰ وَهُوَ مَكۡظُومٞ﴿٤٨

48Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji;

لَّوۡلَآ أَن تَدَٰرَكَهُۥ نِعۡمَةٞ مِّن رَّبِّهِۦ لَنُبِذَ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ مَذۡمُومٞ﴿٤٩

49Iyo itagarukirwa n’impuhwe z’Imana yayo Rurema Allah, Ikayishoboza ukwigaya, nta nkeka ko yari gutabwa kw’isi y’ubugaragwa igahona, ifitiwe umwikomo n’Imana Allah;

فَٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَجَعَلَهُۥ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ﴿٥٠

50Ni ho rero Imana yayo Rurema Allah Yayitora kandi Iyituma ku bantu bayo, Iyishira no mu beranda.

وَإِن يَكَادُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَيُزۡلِقُونَكَ بِأَبۡصَٰرِهِمۡ لَمَّا سَمِعُواْ ٱلذِّكۡرَ وَيَقُولُونَ إِنَّهُۥ لَمَجۡنُونٞ﴿٥١

51Ntumwa y’Imana! Abagararije, iyo bumvise uriko urasoma Qor’ani, barakuraba ijisho ribi rihakwa kugutura hasi ku kuntu bakwanka, maze kubera urwo rwanko bagufitiye, bagaca bavuga n'ishari n'akantu bati: “Vy’ukuri, ni umusazi”.

وَمَا هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ﴿٥٢

52Iyo Qor’ani si ikindi rero, kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku biremwa vyose (Amajini n’abantu).

RELATED SURAHS