التكاثر
The Rivalry in Worldly Increase • 8 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Mwasamajwe n'ukwihaya ku bwinshi bw’amatungo n’ibibondo, muraheza mureka kugamburukira Imana Allah!
2Mugashishikara gusamazwa n’ivyo, gushika n’aho mushengereye mugahambwa mu mva.
3Nimuteshwe mute, murahumba! Ivyo ntibikwiye kubasamaza namba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya ko ubuzima bw’inyuma yo gupfa ari bwo bwiza kuri mwebwe.
4Eka nimuteshwe mute, murahumba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya inkurikizi mbi z’ukutumvira Imana Allah.
5Eka nimuteshwe mute! Iyo mumenya vy’ukuri ibibafitiye akamaro, mworetse kwihaya ku vy’isi, mukihutira nyabuna gukora ivyiza.
6Ni ukuri muzobona umuriro ururumba.
7Kandi ni ukuri, muzowubona ukuri kwamye.
8Hanyuma, ni ukuri kuri uwo musi w’impera, muzobazwa ku nema z’ubwoko bwose ico mwazikoresheje.