العصر
The Declining Day • 3 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe, kubera ibitangaza birimwo vyerekana ubushobozi bwanje!
2Ko mu vy’ukuri, zina kiremwa-muntu kiri mu ruhombo;
3Kiretse abemeye Imana Allah bagakora n'ivyiza bitegetswe, bagahanurana no kwama bashigikiye bagendera ukuri, bakanahanurana kwihangana muri ivyo vyose.