الفيل
The Elephant • 5 ayahs • Meccan
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
1Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwamenye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize beninzovu[1]!
2Umugambi wabo mubi, ntiyawugize impfagusa ukaburizwamwo!
3Iraheza Ibarungikira inyoni ziri mu migwimigwi;
4Zibatera amabuye yokeje, ziraheza zirabahonya.
5Maze Ibagira nk’ivyatsi vyarishijwe n'intungwa hanyuma iravyuza, iraheza ibita ari amahenehene.